Uko wahagera

Salva Kiir Azokwitoza Mu Matora yo mu 2024 Muri Sudani y'Epfo


Prezida Salva Kiir wa Sudani y'epfo
Prezida Salva Kiir wa Sudani y'epfo

Umugambwe uri ku butegetsi muri Sudani y’Epfo watoye gushigikira Prezida Salva Kiir mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu mwaka wa 2024.

Ayo matora yigijwe inyuma akatari gake ubu akaba ategekanijwe kuba mu mwaka wa 2024.

Kiir yabaye umukuru w’igihugu kuva ico gihugu kironse ukwikukira mu mwaka wa 2011. Kuva ico gihe Sudani y’epfo yararanzwe n’intambara hagati y’abanyagihugu. Yamaze imyaka itanu ihava ikwirikirwa n’ibiganiro vy’amahoro vyafashe igihe kirekire. Vyahavuye bivamwo ipfundikwa ry’amasezerano y’amahoro mu mwaka wa 2018.

Ejo ku musi wa kabiri, mu nama y’umugambwe wa Sudan’s People’s Liberation Movement, Salva Kiir yarashimye itorwa ryiwe, yemera kuzoserukira umugambwe wiwe mu matora azoba mu 2024.

Nta wundi munyapolitike aratangaza ko azokwitoza muri ayo matora.

Yamara Riek Machar yahoze ari kumwe na Salva Kiir mu mugambwe, bagahava baracanamwo, akaja mu murwi urwanya ubutegatsi bwa Kiir, afise umugambi wo kuzokwiyamamaza.

Machar ubu asanzwe ari icegera c’umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG