Uko wahagera

Ubushinwa Bwatezuye ku Ngingo za COVID


Ubushinwa kuri uyu wa mbere bwatezuriye abanyagihugu ku mategeko bwashizeho yo guhagarika ikwirakwira rya Covid-19. Ariko buvuga ko bwiyemeje kuguma kw’ihangiro bwihaye ryo kurangiza ico kiza mu gihugu.

Mu mpera z’indwi irangiye, abanyagihugu barihereje amabarabara basaba reta guhagarika ingingo ya guma mu rugo mu bisagara bitandukanye vy’igihugu. Umwe mu baba mu gisagara Shanghai yabwiye Ijwi ry’Amerika ko batagitinya ikwirakwira rya Covid kuko basa n’abayimenyereye.

Igiporisi carafunze abatari bake, ariko igitigiri cabo nticamenyekanye.

Ubutegetsi bw’igisagara ca Beijing bwavuze kuri uyu wa mbere ko buhagaritse gushiraho amabariyeri abuza abantu kwinjira mu bibanza vyagaragayemwo abanduye benshi.

Haruhande yo gutezurira abanyagihugu mu gisagara ca Beijing, abategetsi muri Guangzhou, ahahitiye abanduye benshi, bavuze ko abahaba batagisabwa kwama bipimisha mu kivunga.

Kuri uyu wa mbere, Ubushinwa bwaronse abantu bashasha banduye bashika ku 40.437.

@VOA, AP, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG