Uko wahagera

COVID: Abashinwa Bariyamiriza Guma mu Rugo


Abanyagihugu mu mabarabara y'i Shanghai, kw'itariki ya 27/11/2022, biyamiriza guma mu rugo.
Abanyagihugu mu mabarabara y'i Shanghai, kw'itariki ya 27/11/2022, biyamiriza guma mu rugo.

Mu Bushinwa, abanyagihugu bafashwe n’ishavu ryo kugumizwa imisi myinshi muri guma mu rugo kubera COVID-19, barakoze imyiyerekano ku musi wa gatandatu. Abanyagihugu bihereje amabarabara mu bisagara bitari bike, harimwo n’igisagara ca Shanghai. Basaba umugambwe w’abakominisista uri ku butegetsi hamwe n’umukuru wawo, Prezida Xi Jinping, kuva ku butegetsi.

Yabaye imyiyerekano itari imenyerewe yiyamiriza ubutegetsi bw’igihugu. Igiporisi carahagaritse abantu batari bake.

Iyo mwiyerekano yakurikiye umucanwa wadutse mw’igorofa ndende iri mu gisagara ca Urumqi ku musi wa kane, hapfa abantu 10. Abanyagihugu bidogera abafashe ingingo yo kubagumiza mu ngo kuko ngo ntihari gupfa abangana uko.

Igisagara ca Urumqi kiri muri guma mu rugo kuva mu kwezi kw’umukani. Ariko n’aho biri uko, abantu 100 nibo bandura COVID buri musi.

Kuri uyu w’Imana, Ubushinwa bwatangaje ko abantu bashasha bababa 40.000 banduye uwo mugera mu gihugu cose ku musi wa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG