Uko wahagera

Uganda Igiye Kurungika Abandi Basirikare 1000 muri Kongo


Inteko za Uganda muri distrikte ya Beni, muri RDC, kw'itariki ya 08/12/2021

Uganda itegekanya kurungika mu mpera z’uku kwezi kw’icumi na kumwe abandi basirikare bashika 1000 biyongera kubari mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda yavuze kuri uyu wa kabiri ko bazoba barungitswe mu twigoro tw’akarere two guhangana n’abarobeli bagisibije muri Kongo.

Ako karere kamaze amezi mu ntambara zongeye kwaduka hagati y’abasirikare ba reta ya Kongo n’umuhari w’abarobeli wa M23. Izi ntambara zatumye ibihugu bihurikiye muri EAC vyemeranya kurungika inteko z’akarere guhagarika iyo mishamirano.

Abasirikare ba Kenya bashitse muri RDC kw’igenekerezo rya 12 z’uku kwezi. Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Felix Kulayigye, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko inteko za Uganda zigiye gukurikira mu misi ya vuba.

Amakuru ava mu gisirikare ca Uganda yabwiye itororokanirizo ry’amakuru, AFP, ko Uganda imaze kurungika abajejwe iperereza, imiti hamwe n’ibikoresho i Goma, gutegura umuzo w’abo basirikare.

Inteko z’akarere zitezwe kubamwo abasirikare bava muri Kenya, mu Burundi, Uganda na Sudani y’ubumanuko. Ariko igitigiri rusangi ca bose ntikiramenyekana.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG