Uko wahagera

Ubumwe bw'Afrika Busaba ko Intambara Zihagarara muri RDC


Prezida wa Senegal, Macky Sall, arongoye ubumwe bw'Afrika
Prezida wa Senegal, Macky Sall, arongoye ubumwe bw'Afrika

Ishirahamwe ry’ubumwe bw'Afrika kuri uyu w’Imana ryashikirije ko rifise amakenga ku mutekano muke urushiriza kwibonekeza mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Ni inyuma y’aho abarobeli b'umuhari M23 bongeye kwigarurira uturere dushasha.

Prezida wa Senegal, Macky Sall, asanzwe arirongoye, hamwe na komiseri w’ubumwe bw'Afrika, Moussa Faki Mahamat, basavye impande zihanganye ku rugamba guhagarika imishamirano. Basavye kandi ko amategeko mpuzamakugu hamwe n’umutekano w’abasivile vyubahirizwa. Hari mw’itangazo basohoye ejo kuw’Imana, bongera basaba ko haba ituze hamwe n’ibiganiro.

Abarobeli b’umuhari M23 barigaruriye utundi turere muri RDC ku musi wa gatandatu. Ibi vyatumye abasirikare ba ONU bari muri Kongo bongereza urugero mu kuba magabo, bongera bongereza imfashanyo ku gisirikare ca Kongo, FARDC.

Uku gutana mu mitwe gushasha kubaye mu gihe imigenderanire hagati ya Kongo n’igihugu kibanyi c’u Rwanda itosekariye. Ivyo bihugu vyagirizanya gufata mu mugongo abarobeli.

Abategetsi ba Kongo, i Kinshasa, bagiriza u Rwanda gushigikira umuhari M23. Ariko u Rwanda rukunze guhakana rwivuye inyuma ko ata ruhara rufise muri izo ntambara.

Ku musi wa gatandatu reta ya Kongo yahaye ambasaderi w’u Rwanda amasaha 48 ngo azobe yavuye mu gihugu. U Rwanda rwaciye ruvuga ko ari ingingo ibabaje.

M23, ni umuhari ugizwe ahanini n’abakongomani bo mu bwoko bw’abatutsi. Wasubiye kuvyura intambara mu mpera z’umwaka wa 2021, inyuma y’agahengwe kari kamaze imyaka. Wagiriza reta ya Kongo kutubahiriza amasezerano yo gushira abarwanyi bawo mu gisirikare ca reta.

Gushika ubu, uwo muhari umaze kwigarurira tumwe mu turere tw’intara ya Kivu y’uburaruko, turimo n’igisagara ca Bunagana, gihana urubibe na Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG