Uko wahagera

Amerika Ihamagarira u Rwanda "Guhagarika Gushigikira M23"


Ambasaderi Robert Wood

Reta zunze ubumwe z’Amerika zirajwe ishinga n’ikibazo c’umutekano, zivuga ko atako wifashe mu karere k’ibiyaga vy’Afrika.

Ambasaderi Robert Wood araba igisata ca politike mu buserukizi bw’Amerika mw’ishirahamnwe mpuzamakungu, ONU, yabwiye ibihugu bigize akanama k’umuteno muri ONU ko imirwi igwanira muri Kongo, irimwo M23, CODECO, na Daech-RDC, ibandanya kwica abanyagihugu.

Mw’ijambo yashikirije akanama ka ONU kajejwe umutekano ku wa gatatu w’ino ndwi, Ambasaderi Robert Wood yahamagariye ibihugu yemeza ko bishigikira iyo mirwi kugarukiriza aho. Vy’umwihariko yadomye urutoke ku Rwanda, yemeza ko igisirikare carwo, RDF, gishigikira abarwanyi ba M23.

Uwo mutegetsi yemeza ko kuva uno mwaka utangura, imirwi irwanira ku butaka bwa Kongo imaze kwica abasivile b’inzirakarengane barenga 2000. U Rwanda ntaco ruravuga ku majambo ya Ambasaderi Robert Wood. Gusa, incuro zose habonetse ivyagiriji nk’ibi vyaba ibitangwa na Kongo canke ibindi bihugu, rwavyamirira kure.

Ambasaderi Robert Wood ikindi yavuze, ni uko Amerika ihangayikishijwe n’imiyerekano y’abiyamiriza ingabo za ONU ziri kugarukana amahoro muri Kongo, MONUSCO.

Yasavye abategetsi ba Kongo gukora ibishoboka izo ngabo, ari izikinjura bikazokorwa bukebuke, hakurikijwe amategeko n’ibihe vy’umutekano Kongo irimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG