Uko wahagera

Uganda Yarungitse Abaporisi Gucungera Umupaka Ihana na Kongo


Abaporisi ba Uganda mu karere ka Kayunga, muri Uganda, kw'itariki ya 14/12/2021.
Abaporisi ba Uganda mu karere ka Kayunga, muri Uganda, kw'itariki ya 14/12/2021.

Igiporisi ca Uganda carungitse abaporisi kuguma bameze magabo ku mupaka ico gihugu gihana na Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Ni inyuma y’aho abasirikare b’inteko za ONU bugururiye umucanwa w’amasasu bakica abantu babiri n’abandi 15 bakomeretse.

Uganda ivuga ko yarungitse umurwi w’abagiye gukurikiranira hafi uruhagarara rw’umutekano muke mu buseruko bwa Kongo inyuma y’ubwo bwicanyi bwagirizwa abasirikare ba MONUSCO.

Umuvugizi w’igiporisi ca Uganda, Fred Enanga, asigura ko imvo yatumye abo baporisi barungikwa ku mupaka ari ukumera magabo kugira uruhagarara ruriyo ntirwandukire uruhande rw’umupaka wa Uganda.

Intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Kongo, Bintou Keita yavuze ko ivyabaye mu gisagara ca Kasindi, mu ntara ya Beni, yafi y’umupaka na Uganda ata majambo afise yo kubivuga. Eka n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, ejo kuw’Imana yavuze ko yababajwe n’iyo nyifato igayitse y’inteko za MONUSCO

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG