Mu makuru y’inkino, ejo ku musi wa mbere, inkino zo guharanira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru ziriko zibera muri Katari, zinjiye ku musi wazo ugira kabiri.
Inkino zitatu nizo zabaye kuri uyu wa mbere.
Mu murwi B, Ubwongereza bwatsinze Irani imvura y’ibitsindo 6 kuri 2, mu gihe Amerika yanganyije na Pays de Galles igitsindo 1-1.
Nayo mu murwi A, Ubuholande bwirahira Senegal ibitsindo 2-0.
Inkino zitegekanijwe kuri uyu wa kabiri ni izo mu mirwi C na D.
Mu murwi C, Argentina ikina na Arabiya Sawudite nayo Mexike ihure na Polonye.
Mu murwi D, Danemarke ihura na Tuniziya, mu gihe Ubufaransa buhangana na Ostraliya.
Facebook Forum