Uko wahagera

Burundi: Umumenyeshamakuru Jérémie Misago Ari He? 


Umumenyeshamakuru Jérémie Misago
Umumenyeshamakuru Jérémie Misago

Umumenyeshamakuru Jeremie Misago yaburiwe irengero kuva ku musi wa gatandatu mu gatondo nk’uko amakuru ava mu muryango wiwe avyemeza.

Uwo musi vyari bitegekanijwe ko aja muri Komine Kayogoro mu ntara ya Makamba mu bumanuko kwerekana uwo bazubakana nk’uko ubutumire bw’ubugeni bwiwe Ijwi ry’Amerika ryabonye bubivuga buzoba kw’itariki ya gatatu ukwa cumi na kabiri kuza.

Uwo mumenyeshamakuru aba ku murwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura.

“Twararindiriye aho twari twahanye isango kugira tuduge i muhira amaso ahera mu nzira”, ni ko bamwe mu bamwegereye batubwiye. Bari kujana kweraka abavyeyi biwe umukazana.

Ubuyobozi bw’ikinyamakuru Iwacu akorera bwasohoye itangazo bwemeza ko umukozi w'ico kinyamakuru atawuzi irengero ryiwe kuva ku musi wa gatandatu. Bwashimiye igipolisi buvuga ko “bariko bakorana neza mu kumurondera”.

Ijwi ry’Amerika ribajije umuyobozi ajejwe inganda nta kinini yashimye kubivugako.

Abasi Mbazumutima yatubwiye muri make mu butumwa bwanditse ati: “Turacari mu vyambu”.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, umumenyeshamakuru, Jeremie Misago yarungikiye video uruganda rwa Iwacu abicishije ku rubuga rwa WhatsApp. Ariko aravuga harumvikana abantu hirya yiwe ariko akaboneka ko afise ubwoba kandi aguma akebaguzwa. Yavuze ko yisanze ahantu atazi uko yahageze mugabo ata kibazo afise.

Ahantu hafatiwe iyo video hari ibigazi vyinshi. Amajambo yavuze asa n’uko yayasubiyemwo kuri terefona yiwe ku rubuga rwa WhatsApp aho yanashizemwo amajambo menshi ndora Mana yo kuremesha abakunzi n’umuryango nk’uko twabibonye.

Umuhinga akorera mu gisata co kumenyesha amakuru atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ati” Mu bihe nk’ibi icihutirwa canke ikintu ca mbere umumenyeshamakuru Jeremie Misago yari gukora kwari ugutahuka imuhira bakamubona ntikwari ugufata video. Birateye amakenga”.

Kugeza igihe twarangiza gutegura ino nkuru, terefone y’umumenyeshamakuru Misago tuyihamagaye yacamwo mugabo nta muntu yayitaba kuva mu gatondo.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Desire Nduwimana, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iki kibazo c’ibura ry’umukozi w’ikinyamakuru Iwacu kimaze kumenywa n’inzego z’umutekano.

“Igipolisi kiriko kirakora akazi kijejwe nihagira bishasha biboneka turaja kubibabwira”, ni ko yatwishuye muri make ku murongo wa terefone.

Uwundi mumenyeshamakuru w’ikinyamakuru cigenga Iwacu yarabuze amazimayongo kuva kuwa 22 ukwezi kw’indwi 2016. Jean Bigirimana yanyurujwe n’abantu bikekwa kuba bakorana n’iperereza ahitwa Bugarama ku bilometero hafi 45 vy’igisagara c’ubutunzi Bujumbura.

Amatohoza yakozwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH n’igipolisi kugeza n’ubu ntaco arashikako. Abiwe, umukoresha n’amashirahamwe yigenga basavye ko hoba ibipimo ndangakamere( ADN) ku biziga bibiri vyatowe mu mushuhira mu ruzi Mubarazi ruri hafi y'aho yakamanganiye kugira barabe ko atoba arimwo, ibitigeze bikorwa.

Mwumvirize iyi nkuru mu majwi, yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika akorera i Nairobi, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:28 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG