Uko wahagera

Burundi: Undi Mumenyeshamakuru Yaburiwe Irengero


Jérémie Misago

Mu Burundi, umumenyeshamakuru w'ikinyamakuru cigenga Iwacu yaburiwe irengero kuva ku musi wa gatandatu w'indwi iheze.

Ikinyamakuru akorera n'umuryango w’iwe bemeza ko Jérémie Misago bamubuze mu busho buzwi n'amategeko kugeza ubu.

Umuvugizi w'igipolisi avuga ko ayo makuru inzego z’umutekano zayamenye kandi ziriko zikora ibishoboka kugira umumenyeshamakuru Jérémie Misago atorwe.

Haraciye imyaka irenga itandatu uwundi mumenyeshamakuru w'ico kinyamakuru abuze amazimayongo. Jean Bigirimana yazimiye kuwa 22 ukwezi kw'indwi 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG