Uko wahagera

Smith Yahoze ari muri CPI ni we Agiye Guhagarikira Amatohoza kuri Trump


Jack Smith
Jack Smith

Umushikiranganji w'ubutungane aha muri Amerika, Merrick Garland, yagenye umushikirizamanza adasanzwe yigenga agiye gukurikiranira hagufi amatohoza akorwa ku wahoze ari prezida w’Amerika, Donald Trump.

Mw’itangazo rigufi Merrick Garland yasomeye ahakorera ubushikiranganji bw’ubutungane, yagize ati: “ Nshingiye kuri bishasha, birimwo ishaka rya Trump ryo gushaka kwitoza mu matora yimirije, n’uko prezida ahari ashobora kongera kwitoza, nabonye ko ku neza y’abanyagihugu, ari ngombwa kugena umushikirizamanza adasanzwe".

Jack Smith yagenywe muri ayo mabanga ni igicocoro mu vy’ubutungane: Yahoze ari umushikirizamanza muri Reta ya New York, mu nyuma aza kuba umushikirizamanza mukuru ku vyaha vy’intambara muri sentare mpuzamakungu y’I Lahe mu Buholande.

Umushikiranganji w'ubutungane muri Amerika, Merrick Garland, yavuze ko amabanga ya Smith atangura agisoma itangazo rimugena. Yumvikanishije ko "Ubunyamwuga n'ubunararibonye bwa Smith buzomutuma gukora ataho yegamiye."

Amatohoza Jack Smith agiye guhagarikira ashimikiye ku vyaha bibibiri nyamukuru Trump yagirizwa: Kumenya niba hari uwivanze mu gushaka gutoba ihererekanywa ry’ubutegetsi ryakurikiye amatora ya prezida yo mu 2020, n’amanyanga yoba yarabaye imbere y’ayo matora.

Ibindi vyagiriji azokurikiranira hagufi, bijanye n’inyandiko z’ibanga Trump yoba yarakoresheje, n’uruhara yoba yaragize ku gitero abayoboke biwe bagavye ahakorera inama nshingamateka y’Amerika.

Donald Trump ahakana ivyaha vyose yagirizwa. Kugera ino saha kandi, muri ivyo vyaha vyose nta na kimwe kiramwagira. Aheruka gutangaza ko azokwitoza mu matora ya prezida azoba mu 2024.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG