Uko wahagera

USA: Ivyabona vya Mbere ku Gitero kuri Capitol Vyatanguye Kumvirizwa


Abagize komisiyo y'abashingamateka iriko iratohoza ku gitero co kw'itariki ya 6 ukwa mbere 2021 kuri Capitol
Abagize komisiyo y'abashingamateka iriko iratohoza ku gitero co kw'itariki ya 6 ukwa mbere 2021 kuri Capitol

Inyuma y’umwaka hashinzwe komisiyo y’inama nshingamateka ijejwe gutohoza ku gitero cakozwe kw’itariki ya 6 y’ukwa mbere mu 2021 ku nyubakwa y’inama nshingamateka, ejo kuwa kane yaratanguye kumviriza ivyabona vya mbere kuvyabaye.

Uku kumviriza abo bantu kuzobandanya gushika mu mpera z’uku kwezi mu muri iki gihe c’ici. Gukurikiye amatohoza kuri ico gitero cakozwe n’abashigikiye uwahoze ari perezida Donald Trump.

Bazobazwa n’iyo komisiyo kw’itegurwa ry’iyo migumuko, uruhara Trump yoba yarabigizemwo, n’ingene yagerageje guhakana ivyavuye mu matora kugira atware iyindi manda y’imyaka ine. Komisiyo iriko irondera kumenya ico yariko arakora muri White House igihe abamushigikiye bariko baratera ibiro vy’inama nshingamateka.

Abatohoza bo muri iyo komisiyo yarabajije ivyabona birenga 1.000 bafise aho bahuriye n’iyo migumuko n’utwigoro twa Trump two guhanagura ivyavuye mu matora.

Ariko ibindi vyabona birimwo abafasha ba Trump muri reta, abarepublikani batanu bo muri Congress soma mbike na Trump baranse kubazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG