Uko wahagera

Pelosi: Biragoye ko Biden Ashiraho Komisiyo Itohoza ku Gitero co kuri Congre


Bamwe mu bagavye igitero ahakorera Congre y'Amerika
Bamwe mu bagavye igitero ahakorera Congre y'Amerika

Umukuru w'inama nshingamateka ya reta zunze ubumwe z’Amerika Nancy Pelosi, yavuze ko bitokunda ko Perezida Joe Biden ashinga umurwi ujejwe amaperereza ku gitero abari bashigikiye Donald Trump bagavye ku ngoro y’inama nshingamateka (Capitol) itariki ya 6 z'ukwezi kwa mbere uyu mwaka.

Umwe mu bagize akanama mpanuzwajambo k'abademokrate atashatse ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko Nancy Pelosi aramustwa inama nshingamateka y’Amerika asanga inzira y'uko Perezida Biden yoshiraho komisiyo y’abashinzwe iryo perereza itoshika na cane cane ko abakenguzamateka b'abarepubulikani barwanyije itorwa ry'itegeko ryari rigamije kuvyemeza.

Ico bikoze Madamu Pelosi yerekanye izindi nzira Biden ashobora gucamwo: Iya mbere ni uko Sena yosubira gutora. Mu matora ya mbere abarepubulikani batandatu aha tuributsa ko bashigikiye abademocrate, uwugira indwi ntiyatora ariko yavuze ko iyo aza gutora na we yari kwemeza ishirwaho ry'iyo komisiyo. Ibi bisigura ko amatora asubiye kuba, hoba hakenewe amajwi atatu gusa ngo itegeko ryo gushiraho iyo komisiyo ryemezwe.

Inzira ya kabiri Pelosi atanga ni uko abakenguzamateka boba ari bo bashiraho umurwi wokora ayo maperereza canke agashirwa mu minwe ya komisiyo idasanzwe nk’iyijejwe umutekano w'imbere mu gihugu, ari nayo yatanze integuro y’iryo tegeko ritarashobora kwemezwa. Pelosi abona ko bitabaye uko komite zo mu nama nshingamateka zobandanya amatohoza yazo yigenga ziza zaranatanguye.

Amajambo ya Pelosi aje mu gihe yaba abademocrate canke abarepublikane bakomeje kwerekana ko barajwe ishinga n’ico gitero abayoboke b’uwahoze ari Prezida w’Amerika Donald Trump bagavye ku ngoro y’inama nshingamateka y’Amerika bagamije kuburizamwo ukwemeza intsinzi ya Prezida Joe Biden.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ntibiravuga niba Biden yoba ategekanya gushinga umurwi ukora amatohoza kuri ico gitero bitarinze guca muri Congre. Gusa, ku wa gatanu abajejwe gutanga amakuru muri White House bavuze ko Biden yipfuza cane ko ayo matohoza yokorwa n’abigenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG