Uko wahagera

OMS Iragabisha Ibihugu Bibanyi na Uganda Kwitegurira Guhangana na Ebola


Abaganga bari mu kibanza cashizwemwo abakekwa kuba baranduye Ebola i Mubende, muri Uganda, kw'itariki ya 27/10/2022
Abaganga bari mu kibanza cashizwemwo abakekwa kuba baranduye Ebola i Mubende, muri Uganda, kw'itariki ya 27/10/2022

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, rihamagarira ibihugu bibanyi na Uganda kuba magabo bigatangura gufata ingingo zo kuzibira no gukumira umugera wa Ebola. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa gatatu rigabishije ko Ebola imaze kwandukira abantu ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

OMS ivuga ko kuva Uganda itangaje umuntu wa mbere yawanduye kw’itariki 20 z’ukwezi kw’icenda, ico gihugu kimaze kuronka abarenga 150 banduye barimwo 64 imaze guhitana.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yabwiye abamenyeshamakuru ko kuva aho Ebola yatangura kugaragara i Kampala mu ndwi iheze, abantu 17 baramaze kwandura.

Tedros yavuze ko OMS ku musi wa kabiri yasohoye izindi miriyoni 5.7 z’amadolari ziyongera ku zindi zitanu yatanze ubwa mbere kugira ihangane n’ico kiza muri Uganda.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG