Uko wahagera

OMS: Nta Rucanco Ruraboneka ku Bwoko bwa Ebola Bwateye muri Uganda


Bamwe mu bakozi mu gisata c'amagara y'abantu mu bikorwa vyo gupompa barinda Ebola
Bamwe mu bakozi mu gisata c'amagara y'abantu mu bikorwa vyo gupompa barinda Ebola

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ritangaza ko abantu umunani mu banyuma banduye ikiza ca Ebola muri Uganda, ataho bigeze bahurira n’abanduye uwo mugera imbere yabo.

OMS ivuga ko ibi biteye impungenge y’umuvuduko w’ubwandu bwa Ebola, n’ingene ico kiza kiriko kirahanahanwa.

Ebola muri Uganda yadutse mu kwezi guheze kw’icenda. Abamaze kwandura ni 60, abo imaze guhitana 44, abarindiriye guhabwa inyishu y’ibipimo bashobora kuba baranduye ni 20.

Ubwoko bwadutse muri Uganda bushusha neza cane n’ ubwigeze kwibonekeza muri Sudani: Incanco n’imiti bihari kugera ino saha ntibishobora guhanga n’ubwo bwoko. OMS ariko ifatikanije na Reta ya Uganda bariko bariga ingene bogerageza incanco zibiri zirimwo rumwe ruriko rukorerwa mu Bwongereza, n’urundi ruriko rukorerwa muri Amerika.

Prezida wa Uganda aheruka kuvuga ko imwe mu mikenyuro Uganda ishobora gufata kugira ihangane n’ico kiza, harimwo kugumiza mu rugo abanyagihugu baba mu burere bumaze kubonekamwo abanduye, kugara ibibanza bihuriramwo benshi birimwo amasengero n’ivyo kwinezereza. Uburere bumaze kubonekamwo abanduye ni Mubende na Kassanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG