Uko wahagera

Uganda Igiye Kuronswa Incanco zo Kurwanya Ebola


Uganda Ebola Outbreak

Uganda hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS bariko baritegura kugerageza incanco zibiri za Ebola yamuka muri Sudani, mu ntumbero yo kurwanya ico kiza.

Gushika ubu, uwo mugera umaze kwica abantu 19 kuri 54 bamaze kuwandura mu mu madistrikte atanu ya Uganda.

Uganda yakiriye abashikiranganji b'amagara y'abantu bava mu bihugu 11 mu nama y’umusi umwe yabaye kuri uyu wa gatatu. Yari iyo kwitegurira urwo rucanco no guhangana na Ebola.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Uganda, Dr. Jane Ruth Aceng, yavuze ko Uganda yiteze ubwoko bubiri bw’incanco za Ebola iriko irandukira abantu muri Uganda.

Kubwa OMS, izo ncanco ziracarindiriye kwemezwa na reta ya Uganda bishobotse zitezwe kuzoshika mu ndwi iza.

Ebola yo muri Sudani yatanguye kugaragara ubwa mbere mu bumanuko bwa Sudani mu 1976. Kuva ico gihe warushirije kwandukira abantu muri Uganda na Sudani. Muri Uganda yatanguye mu 2000 yica abarenga 200.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG