Uko wahagera

Muri Uganda, 63 Baramaze Kwandura Ebola, 29 Iramaze Kubahitana


Uganda Ebola
Uganda Ebola

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze kuri uyu wa gatatu ko abantu mirongo itandatu na batatu bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa Ebola muri Uganda. Abo barimwo 29 umaze guhitana.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko afise amakenga kuko inyuma y’indwi zibiri ico kiza giteye, kiriko kiranahitana abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abarwayi. Tedros avuga ko abakozi cumi bo mu gisata c’amagara y’abantu bamaze kwandura kandi bane bapfuye.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Uganda, Jane Ruth Aceng Ocero, yavuze ko mu bapfuye harimwo umudogiteri w’umutanzaniya.

Tedros yavuze ko OMS yasohoye imiriyoni zibiri z’amadolari yo gufasha vyihuta kandi iriko irakorana n’abatanga amafaranga kugira bashigikire ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Uganda.

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni yavuze ko atariko aragumiza abanyagihugu mu ngo mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira ry’ico kiza.

Igihugu kibanyi, Repuburika ya demokarasi ya Kongo, mu ndwi iheze catangaje ko casezereye Ebola mu ntara ya Kivu y’uburaruko, mu ndwi zitandatu ziheze.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG