Repuburika ya demokarasi ya Kongo kuri uyu wa kabiri yatangaje ko umugera wa Ebola wari umaze indwi zitandatu warongeye gutera mu ntara ya Kivu y’uburaruko ubu utakiri intambamyi kandi wasezerewe.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ni ryo ryashikirije aya makuru riyahawe na reta ya Kongo.
Abantu batanu ni bo bahitanywe n’uwo mugera uherutse kwongera kwaduka.
Repuburika ya demokarasi ya Kongo ironse agahengwe kuri Ebola mu gihe mu gihugu kibanyi Uganda kiriko kirarwana n’uwo mugera nyene uherutse kuhagaragara.
Ubushikiranganji bwa Uganda bw’amagara y’abantu bwavuze ko Ebola imaze guhitana ubuzima bw’abantu batanu gushika ubu. Ariko hari amakuru ataratohozwa neza avuga ko hoba hamaze gupfa abantu 18.
@AFP
Facebook Forum