Uko wahagera

Abashika 20 Barishwe na Bombe Zatezwe na Al Shabab Hagati muri Somaliya


Beledweyne, Somalia
Beledweyne, Somalia

Abantu 20 bishwe mu bitero bitatu vy’amabombe yatezwe mu modokari kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Beledweyne, kiri hagati muri Somaliya. Mu bishwe n’izo bombe harimwo abategetsi babiri baserukira reta muri ako karere.

Ababibonye igihe vyaba bavuze ko imodokari zibiri zari zirimwo ibisasu biturika zaturitse mu masaha y’agatondo, iya gatatu iturika inyuma ya sasita.

Komiseri mukuru w’igiporisi muri ico gisagara ca Beledweyne, Bishar Hussein Jimale, yemeje ico gitero, yongerako ko abantu baharurwa mu macumi bahakomerekeye.

Yavuze ko iki gitero categuwe na al-Shabab, kandi ko abategetsi benshi, abasivile hamwe n’abasirikare bapfuye, ko bagiharura ibitigiri.

Ibiro vya ONU muri Somaliya vyanditse ku rubuga Twitter ko vyiyamirije ico gitero kandi bihoza n’imiryango yabuze.

Ibi bitero bikozwe inyuma y’umusi umwe reta ya Somaliya itangaje ko yishe umukomanda wa al-Shabab azwi kw’izina rya Abdulkadir Nadir. Hari mu gitero c’indege cakorewe mu ntara ya Middle Juba.

Reta ya Somaliya yavuze ko iyicwa ryiwe ari nk’ihwa rikuwe mw’ihanga rya Somaliya.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG