Uko wahagera

Mali Ivuga ko Itazotegekwa na CEDEAO ku Kibazo c'Abasirikare ba Cote d'Ivoire Yafashe


Umushikiranganji w'imigenderanire wa Mali, Abdoulaye Diop, mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano i New York
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Mali, Abdoulaye Diop, mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano i New York

Umushikiranganji wa Mali ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abdoulaye Diop, yagabishije ko igihugu ciwe kitazokwemera gutegekwa na CEDEAO ku nyishu ya kidiporomasiya ku kutumvikana hagati y’igihugu ciwe na Cote d’Ivoire.

Intumwa z’abakuru b’ibihugu vya CEDEAO zitezwe kugendera Mali muri iyi ndwi. Umushikiranganji Diop yabwiye Ijwi ry’Amerika ko biteguye kuzobumviriza. Ariko yavuze ko kuva mu ntango, ico abanyemali bakeneye ari ukurondera amayira yose y’umwumvikano, ariko ko ata ngingo izoza ivuye hanze izotegeka Mali igikwiye gukorwa.

Abakuru b’ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bafashe ingingo mu ndwi iheze i New York yo kurungika intumwa muri Mali gufasha kurondera inzira yo gutorera inyishu mu kutumvikana hagati ya Mali na Cote d’Ivoire. Izo ntumwa zitezwe muri Mali zirimwo abaprezida ba Ghana, Senegal na Togo.

Zari zitezwe gushika muri Mali kuri uyu wa kabiri, ariko Mali yavuze ko yiteguye kubakira ku musi wa kane canke kuwa gatanu.

Mali na Cote d’Ivoire bari mu cuka kibi ca kidiporomasiya catewe n’abasirikare ba Cote d’Ivoire 46 bafatiwe ku kibuga c’indege c’i Bamako kw’itariki ya 10 y’ukw’indwi.

Cote d’Ivoire na ONU bavuga ko abo basirikare bari bagiye gufasha muvy’umutekano inteko z’Ubudagi zo muri Minusma. Ariko Mali ibagiriza kuba abacangero bari baje guhungabanya umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG