Uko wahagera

Mali Yarekuye Abasirikare 3 muri 49 ba Cote d'Ivoire Yari Yafashe


Zimwe mu ngabo za Cote d'Ivoire
Zimwe mu ngabo za Cote d'Ivoire

Mali yarekuye abasirikare ba Cote d’Ivoire 3 muri 49, yari yarafashe yagiriza kuba abacancuro, kubangamira umutekano w’igihugu n’ugusuma urusaku. Igihugu ca Togo, gihuza Mali na Cote d’Ivoire muri ino dosiye cavuze ko ari ikimenyetso ciza.

Abasirikare barekuwe ejo ku wa gatandatu ni ab’igitsina gore gusa. Umushikirizwamanza mukuru wa Mali yemeje ano makuru avuga ko bagizwe abera ku vyaha vyose bagirizwa. Togo yemeza ko hari ibiganiro biriko biraba kugira abasigaye bose barekurwe.

Abasirikare bafatiwe i Bamako ku murwa mukuru wa Mali igenekerezo rya 10 ukwezi kw’indwi. Bashitse ku butaka bwa Mali bifashishije indege yegukira Cote d’Ivoire, bambaye impuzu za gisirikare ariko ata birwanisho bitwaje. Ico gihe, babajijwe impamvu baje muri Mali “Ata ruhusha bafise.” Cote d’Ivoire yavugiye abasirikare bayo yemeza ko bari bafise uruhusha rwo kuza gukurikirana bimwe mu bikorwa vy’igisata ca ONU muri ico gihugu, Minusma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG