Uko wahagera

Ukraine Iriko Irasubirana Uturere Uburusiya Bwahevye


Abasirikare ba Ukraine
Abasirikare ba Ukraine

Ukraine yatangaje kuri uyu wa mbere ko yigaruriye utundi turere tutari duke mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ivuga ko yasubije inyuma abasirikare b’Uburusiya gushika ku rubibe ivyo bihugu bihana.

Inyuma y’amezi Uburusiya bwiyagurira uturere, abategetsi ba Ukraine bavuze ko ibintu vyahindutse kuva mu ntango z’ukwezi kw’icenda mu ntara ya Kharkiv.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kuri uyu wa mbere, Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze ko abasirikare ba Ukraine bamaze kwisubiza akarere kangana n’ibirometero kwadrato birenga 6.000 kuva mu ntango z’uku kwezi. Yemeza ko abasirikare biwe babandanya uru rugamba.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bwo kwivuna umwansi bwaremeye ko mu mpera z’indwi irangiye bwasubije inyuma abasirikare babwo. Bwavuze ko buriko bukoraniriza abasirikare mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.

Umutegetsi mukuru mu gisirikare ca Amerika yavuze kuri uyu wa mbere ko abanya-Ukraine bariko batera baja imbere mu twigoro two kwisubiza uturera twanyazwe mu bumanuko n’ubuseruko bw’igihugu. Yavuze kandi ko Abasirikare b’Uburusiya bari mu ntara ya Kharkiv bahavuye Ukraine ibona kuhasubirana.

Abasesenguzi bavuga ko intambara ishobora kubandanya gushika mu mwaka wa 2023.

@Associated Press.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG