Uko wahagera

Perezida Zelensky Aragabisha Uburaya mu Bihe vy'Imbeho Vyimirije


People demonstrate against a possible renewal of Russian gas imports by the interim government appointed by President Radev in Sofia
People demonstrate against a possible renewal of Russian gas imports by the interim government appointed by President Radev in Sofia

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky aragabisha ibihugu vya Buraya ko bikwiye kwitegurira ibihe bigoye vy’imbeho bigiye kuza, kuko bitazoborohera. Ni mu gihe Uburusiya buriko buritegurira guhagarika burundu peterori na gaze bwashorera muri uyo mugabane. Uburusiya bwagirizwa kuba butumbereye kwihora ibihugu vya Buraya bifasha Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya.

Uburusiya bwisigura buvuga ko bufise ibibazo vy’ubuhinga mu miringoti itwara ivyo bitoro na gaze. Buvuga kandi ko ibihano bwafatiwe na Amerika hamwe n’ibihugu bicuditse vyahungabanije ibikorwa mu gisata c’amasoko ntanganguvu.

Ibihugu vya Buraya vyarungikiye ibirwanisho reta ya Ukraine, kandi biriko biramenyereza abasirikare bayo, vyagiriza Uburusiya gukoresha ikibazo c’amasoko ntanganguvu nk’ikirwanisho.

Bamwe mu basesenguzi muvy’intambara bemeza ko ubukene bw’ibitoro hamwe n’ukutoroha mu bubuzima bw’abanyagihugu mu Burayi bishobora gushira mu bibazo ibikorwa barimwo vyo gufasha Ukraine.

@The AP, AFP, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG