Uko wahagera

ONU: Intambara Hafi y'Ihinguriro rya Nikereyeri muri Ukraine Zikwiye Guhagarara


UKRAINE-CRISIS/IAEA
UKRAINE-CRISIS/IAEA

Ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe kugenzura Nikereyeri, cavuze kuri uyu wa kabiri ko gitewe impungenge n’umutekano muke kw’ihinguriro rya Nikereyeri, ry’i Zaporizhzhia. Iryo hinguriro riri mu bumanuko bwa Ukraine, akarere kariko kaberamwo intambara hagati y’abasirikare ba Ukraine n’Uburusiya.

Muri raporo ico kigo catanze, kivuga ko uburyo bwonyene bwo kugarukana umutekano kuri ico kibanza ari uko intambara ihagarara. Abagenduzi b’ico kigo bavuga ko basanze hari ivyononekaye ariko ntawe bavyegetseko.

Uburusiya na Ukraine bikunze kwagirizanya kugaba ibitero kuri ico kibanza.

Ikigo ca ONU kijejwe kugenzura ivya Nikereyeri cavuze ko citeguye gutangura imibonano n’abo vyega kugira ico kibanza gikingirwe.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky kuri uyu wa kabiri yashimye raporo y’abo bagenduzi ba ONU kuko bemeza ko abasirikare b’Uburusiya bahari kandi bahafitiye ibirwanisho.

Mu ndwi iheze, umurwi w’abagenduzi 14 ba ONU niho bagendera iryo hinguriro rya Zaporizhzhia, barongowe n’umukuru wabo, Rafael Grossi. Babiri muri bo bazogumaho basuzuma ko umutekano ucungerewe kuri ico kibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG