Uko wahagera

Burundi: Reta Nshasha Yamenyekanye


Prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi, reta nshasha yamenyekanye mw'ijoro ryo kuri uyu wa kane. Ni umuvugizi wa prezida yayishikirije kuri radiyo na tereviziyo vy'igihugu, RTNB.

Ku bashikiranganji 15 bayigize kandi bahora muyahinduwe, hakuwe batatu: uw'ikigega ca reta, uw'abakozi n'akazi, uw'uburimyi n'ubworozi hamwe n'umushikiranganji w'inyubako za reta.

Abashikiranganji bashasha ni Martin Ninteretse w'ubushikiranganji bw'umutekano, intwaro yo hagati n'iterambere rusangi. Aje gusubirira umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca. Dieudonne Dukundane yagenwe kuba umushikiranganji mushasha w'inyubako za reta nawe Sanctus Niragira ahabwa kurongora ubushikiranganji bw'uburimyi n'ubworozi.

Abandi bashikiranganji bose bagumijwe mu mabanga bahoramwo.

Nta munywanyi w'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi ari muri reta nshasha. Agathon Rwasa, umukuru wawo yari yavyifuje aranabisaba umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye n'umushikiranganji wiwe wa mbere mushasha, Gervais Ndirakobuca.

Muri make, Agathon Rwasa yabwiye Ijwi ry'Amerika ko "ata kintu na kimwe kimutangaje", yongerako ati" Ingendo y'umugambwe CNDD-FDD ni ukutubahiriza demokarasi".

Kuri uyu wa gatanu inyuma y'umutaga ni ho abagize reta nshasha bazorahira imbere y'inama nshingamateka ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG