Uko wahagera

Igitero kuri Ambasade y'Uburusiya i Kabul Cahitanye Abakozi 2 ba Ambasade


Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wiyemereye ko ari wo wakoze igitero ca bombe y’umwiyahuzi hafi ya ambasade y’Uburusiya ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul kuri uyu wa mbere. Abakozi babiri bo muri ambasade y’Uburusiya bahasize ubuzima hamwe n’abandi bane.

Kibaye igitero ca mbere gitewe kuri ambasade y’abanyamahanga muri Afuganistani kuva Abatalibani bafata ubutegetsi mu kwezi kwa munani, umwaka uheze.

Ubushikiranganji bwa Afuganistani bw’imigenderanire n’amakungu bwemeje urupfu rw’abo bakozi babiri ba ambasade y’Uburusiya.

Igiporisi c’i Kabul cavuze ko abanyefuganistani bari barindiriye gutunganirizwa na ambasade nabo bapfuye hamwe n’abandi batari bake bakomeretse.

Ubwicanyi muri Afuganistani bwari bwaragabanutse cane kuva aho Abatalibani bagarukiye ku butegetsi. Ariko hakunze kuba ibitero bito bito hirya no hino, bikorwa n’umuhari ISIS ku moko y’inkehwa.

Umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire, Sergei Lavrov, yavuze ko hagiye gufatwa ingingo zo gukomeza umutekano kuri ambasade y’Uburusiya i Kabul.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG