Uko wahagera

Igisasu Caturikiye ku Biro vy'Ubuserukizi bw'Uburusiya muri Afuganistani


Kuri uno musi wa mbere ikibombe caturikiye ku biro vy’ubuserukizi bw’igihugu c’Uburusiya muri Afuganistani gihitana abantu bashika kuri batandatu.

Ikinyamakuru co mu Burusiya catangaje ko ababibonye hamwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwaho bavuze ko inkozi y’ikibi yitwaje ico kibombe, itaramenyekana yashatse kugituritsa igihe umukozi wa ambasade yari asohotse aje gushikiriza amazina y’abiyandikishije kuronswa impapuro z’urugendo.

Umuvugizi w’igipolisi ca Kabul, Khalid Zadran, yavuze ko iyo nkozi y’ikibi, yaciye yicwa n’abatalibani bajejwe umutekano imbere y’uko ashika ku mugambi wiwe nyawo. Bavuga ko yari afise umugambi wo kwituritsako ico kibombe mu bandi benshi, ariko ko baciye bamwitanga baramurasa, binatuma iyo bombe iturika igakomeretsa abo bantu. Zadran avuga ko hitavye Imana Abanyafuganistani 4, hakomereka abandi bantu 10.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amahanga w’Uburusiya, Sergei Lavrov, amenyesha ko bariko barakorana n’ibiro vy’igipolisi kidasanzwe ca Afuganistani mu matohoza y’ico gitero. I Moscou, Sergei Lavrov na mugenzi we wa Tajikstani, Sirojiddin Muhriddin, bahojeje imiryango y’ababuze imbere y’uko batangura inama zerekeye imigenderanire yabo.

Umushikiranganji w’imigenderanire muri Afuganisitani, Abdul Qahar Balkhi, yavuze ko igipolisi catanguye amatohoza kandi ko bagiye kwongereza icungerwa ry’umutekano kuri ivyo biro vy’ubuserukizi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG