Uko wahagera

Angola: Umugambwe uri ku Butegetsi Watsinze Amatora


Bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi muri Angola
Bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi muri Angola

Umurwi ujejwe amatora mu gihugu muri Angola watangaje icese uno musi ku wa mbere ko umugambwe uri ku butegetsi, MPLA, ari wo watahukanye intsinzi n'amajwi 51 n'ibice 17 kw'ijana.

Ivyatangajwe n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora bitumye Prezida Joao Lourenco atsindira icese ikiringo kigira kabiri co kuyobora Angola. Yamara umukuru w’umugambwe UNITA, Adalberto Costa Junior, yiyamirije ivyavuye mu matora. Yasavye ko umurwi ugizwe n’abanyamahanga wihweza ukugene igikorwa co guharura amajwi cagenze; igikorwa gishobora gufata indwi zitari nke.

Muri iki gihe kandi iyindi migambwe itavuga rumwe na reta hamwe n’amashirahamnwe aserukira inyungu z’abanyagihugu vyerekanye impungenge ko umugambwe MPLA usanzwe utunganya amatora kandi ari nawo uganza ibinyamakuru vya reta, ushobora kuba warivye amatora.

Umugambwe uri ku butegetsi, MPLA, wayoboye igihugu kuva kicikukira mu mwaka w’i 1975. Yamara ibitigiri vy’abashigikiye uwo mugambwe vyagiye biragabanuka mu matora yabaye muri Angola mu matora yo mu bihe vya vuba.
Hari impungenge ko intsinzi y’umugambwe MPLA ishobora gutuma haba ubwicanyi n’uruhagarara mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG