Uko wahagera

Angola: Amatora Ntiyitabiriwe Uko Byari Byitezwe


Ifoto igaragaza uko muri Angola bamwe batoraga abandi barebera
Ifoto igaragaza uko muri Angola bamwe batoraga abandi barebera

Abantu bari musi y'ica kabiri c'abiyandikishije gutora muri Angola ni bo bitavye amatora yabaye mu ndwi irangiye abonwa ko azoha umugambwe uri ku butegetsi MPLA ikindi kiringo c'imyaka 5.

Mu gihe ibice birenga 97 kw’ijana vy’amajwi amaze guharurwa, umurwi w’igihugu ujejwe amatora watangaje ku musi wa kane ko umugambwe MPLA wari imbere y’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta vyahiganywe UNITA n’amajwi 51 kw’ijana. UNITA ifise amajwi 44 n’ibice 5 kw’ijana.

N’iyo ibintu vyaguma uko biri, prezida w’umugambwe uri ku butegetsi MPLA, Joao Laurenco, uzoba utsindiye gusubira kuyobora Angola mu kirindi kiringo c’imyaka 5. Uzoba ubandanije kuyobora Angola udahagaritse kuva ico gihugu kironse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1975.

Naho umugambwe MPLA witezwe gutahira intsinzi, amatora yabaye ku musi wa gatatu ni yo yari yegerenye cane mu mateka y’igihugu. Umugambwe utavuga rumwe ne reta, UNITA, waragize intambwe zikomeye zitari bwibonekeze imbere yaho.

Mu buzoba bubaye ubwa mbere, umugambwe UNITA uzotuma umugambwe uri ku butegetsi, MPLA utaronka bibiri vya gatatu vy’ibibanza mu nama nshingamateka kugira bitume imigambi yayo irengana ata ngorane. Uzokenera ahubwo gushigikirwa n’abashingamateka bo mu yindi migambwe itavuga rumwe nawo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG