Uko wahagera

Angola mu Matora ya Prezida n'Abashingamateka kuri uyu wa Gatatu


Abanyagihugu ku mirongo bariko baratora i Luanda, Angola, kw'itariki ya 23/08/2017
Abanyagihugu ku mirongo bariko baratora i Luanda, Angola, kw'itariki ya 23/08/2017

Angola iratunganya amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka kuri uyu wa gatatu. Ni amatora yitezwe ko ashobora kugira ivyo ahinduye muri Angola imaze imyaka hafi 47 mu ntwaro y’umugambwe umwe.

Umugambwe MPLA uri ku butegetsi kuva mu 1975, waratakaje urwaruka rwahora ruwushigikiye ruja kwiyunga n’umugambwe, UNITA. Abanyapolitike bahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu biyamamaje bashira imbere ibibazo vy’ubutunzi, ariko indorerezi z’ayo matora zifise amakenga ko ayo matora ashobora kutizerwa.

Prezida ari ku butegetsi muri Angola, Joao Lorenco, wo mu mugambwe MPLA, ahanganye n’uwo batavuga rumwe, Adalberto Costa Junior, wo mu mugambwe UNITA. Iyo migambwe uko ari ibiri yaremeye ko izorwanya igiturire, ikanagwiza ubuzi kandi igakura abanyagihugu mu bukene.

Abahinga babona ko abo banyapolitike babiri bashobora guhakwa kunganya amajwi, kuko urwaruka rutari ruke rwimukiye mu mugambwe UNITA. Ivyo birateye ubwoba umugambwe MPLA uri ku butegetsi.

MPLA uri ku butegetsi kuva Angola ironka intahe yo kwikukira kuri Portugal, mu 1975.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG