Uko wahagera

Abasirikare 10 ba Yemeni Baguye mu Gitero c'aba Huthi


Igisagara ca Taez
Igisagara ca Taez

Reta ya Yemeni yatangaje ko abasirikare bayo 10 bishwe mu gitero abarwanya ubutegetsi b'aba Huthi bakoze mw'ijoro ryashiriye uno musi ku wa mbere mu gisagara ca Taez kiri mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu.

Abasirikare batari bake bakomeretse muri ico gitero cari gifise intumbero yo kuzibira ibarabara rikomeye rihuza igisagara ca Taez kirimwo abantu bagera ku miliyoni zibiri n’igisagara ca Lahj kiri mu minwe ya reta.

Amakuru atangwa n’igisirikare, avuga ko abarwanya ubutegetsi bigaruriye ibice bitari bike vya Yemeni harimwo n’umurwa mukuru, Sanaa. Aba Huthi barwanya ubutegetsi bwa Yemeni, barazibiye amabarabara akomakomeye aja muri ico gisagara kuva mu mwaka w’i 2015.

Reta ya Yemeni ivuga ko ari agasomborotso gakomeye inyuma y’agahengwe kari kamaze amezi atari make. Impande zitana mu mitwe muri Yemeni zari zisanzwe zubahirije amasezeranso y’uguhagarika ingwano kuva mu kwezi kwa kane.

Ako gahengwe kari kagabanije ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’inteko za reta n’iz’abarwanya ubutegetsi b’aba Huthi. Reta yemewe n’amakungu ivuga ko igitero aba Huthi bakoze mu gisagara ca Taez kigeramiye utwigoro twose two guhagarika ingwano no gushika ku mahoro.

Uno musi ku wa mbere kandi, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu 16 yasavye aba Huthi barwanya ubutegetsi bwa Yemeni kwugurura amabarabara aja mu gisagara ca Taez kugira vyorohereze ibikorwa vyo gufasha abanyagihugu bari muri ico gisagara kigira gatatu mu bunini mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG