Uko wahagera

Yemeni: Abarobeli b'Abahuti Bemeye Guhagarika Gukoresha Abana mu Ntambara


Kahlan, umwana w'imyaka 12 yahoze ari umwana wo mu ntambara mu barobeli b'abahutiariko yerekana uko barasisha inkoho i Marib, muri Yemeni, kw'itariki ya 27/07/2018.
Kahlan, umwana w'imyaka 12 yahoze ari umwana wo mu ntambara mu barobeli b'abahutiariko yerekana uko barasisha inkoho i Marib, muri Yemeni, kw'itariki ya 27/07/2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abarobeli b’abahuti muri Yemeni bemeye gukura abana b’abasirikare mu barwanyi babo.

Abahuti basinye ico ONU yise umugambi wo kurangiza no gukinga kwinjiza mu barwanyi abana mu ntambara, no guhagarika ibitero ku mashure n’amavuriro.

Umuvugizi wa ONU yavuze ko abarobeli biyemeje gutororokanya abana bari mu nteko zabo no kubarekura mu mezi atarenze atandatu. Abahuti bavuga ko aya masezerano ari umugambi wo gukingira abana, nayo ONU ivuga ko reta ya Yemeni yemewe n’amakungu yo yasinye aya masezerano kuva mu 2014.

Abana baharurwa mu bihumbi nibo bamaze imyaka indwi barwana intambara ku mpande zibiri zihanganye muri Yemeni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG