Uko wahagera

Ukraine Yagiriza Uburusiya Gutera Hafi y'Ihinguriro rya Nikreyeri


Umwotsi wakurikiye igitero c'Uburusiya mu karere ka Pazeno, mu ntara ya Donetsk, ya Ukraine, kw'itariki ya 28/08/2022
Umwotsi wakurikiye igitero c'Uburusiya mu karere ka Pazeno, mu ntara ya Donetsk, ya Ukraine, kw'itariki ya 28/08/2022

Uburusiya bwagavye igitero gishasha ca roketi n’ibisasu vya muzinga hafi y’ihinguriro ry’umwuka wa nikereyeri rya Zaporizhzhia mu gatondo ko kuri uyu w’Imana. Ukraine ivuga ko itewe umutima uhagaze nuko ico kibanza gishobora guterwa no guteza imyuka y’ubumara mu kirere.

Buramatari w’intara ya Dnipropetrovsk, Valentyn Reznichenko, yavuze ko ibisasu biremereye vyatewe mw’ijoro bituma umuyagankuba ucika muri ako karere. Ivyo bisasu vya roketi vyarononye kandi amazu mu kindi gisagara ca Marhanets.

Umuhanuzi w’umushikiranganji wa Ukraine w’amasoko ntanganguvu, Lana Zerkal, yavuze ko ikigo ca ONU kijejwe gucungera ivya nikereyeri, citezwe kugendera ico kibanza muri iyi ndwi igiye gutangura.

Uburusiya bwavuze ko bushigikiye ibikorwa vy’ico kigo ca ONU, ariko bwaranse gukura abasoda babwo muri ico kibanza.

Uburusiya na Ukraine baragirizanya gutera ibisasu kuri iryo hinguriro rya mbere rya nikereyeri ku mugabane wa Buraya.

AP, AFP, Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG