Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Bwishe Abasirikare ba Ukraine 200


Zimwe mu ngabo za Ukraine
Zimwe mu ngabo za Ukraine

Uburusiya bwatangaje uno musi ku wa kane ko igisirikare cabwo cishe abasirikare ba Ukraine barenga 200 mu kibanza abantu bategereramwo amatereni mu gice co hagati muri Ukraine. Ukraine ivuga ko ico gitero cahitanye abantu 25, harimwo abana.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje ko igitero ca misile yitwa Iskander kw’itereni y’igisirikare ca Ukraine mu kibanza abantu bategereramwo amatereni ca Chaplyne mu ntara ya Dnipropetrovk iri hagati mu gihugu cahitanye abasirikare ba Ukraine 200, congera gisambura ibikoresho vy’igisirikare 10.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko iyo tereni yari igiye mu bice biriko biberamwo ingwano mu ntara ya Donbas iri mu buseruko bw’igihugu Uburusiya bushaka kwigarurira.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya wiyamirije ico gitero kigayitse cakozwe ku basivile ku musi Ukraine ihimbaza ukwikukira kwayo hamwe n’ukwibuka amezi atandatu arangiye Uburusiya butanguye ibitero ku butaka bwayo.

Mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka, igitero ca rokete mu kibanza abantu bategereramwo amatereni mu gisagara ca Kramatorsk mu buserukso bwa Ukraine cahitanye abasivile batari musi ya 57 mu gihe bari barindiye kujanwa mu burengero bw’igihugu ku mpamvu z’umutekano wabo.

Amatereni yaragize akamaro gakomeye cane muri Ukraine mu kigoro c’ugukura abanyagihugu mu bice bitari bike vy’igihugu kuva Uburusiya burungitse inteko zabwo muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG