Uko wahagera

Amerika Yemereye Ukraine Izindi Miriyaridi Zitatu z'Amadolari y'Ibirwanisho


Umusirikare wa Ukraine ariko aratekurura misile zazanwe n'indege ya Amerika zahawe igisirikare ca Ukraine, ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Boryspil, hanze ya Kiev, kw'itariki ya 10/02/2022

Reta ya Amerika igiye gutangaza imiriyaridi hafi zitatu z’amadolari z’imfashanyo nshasha ya gisirikare igenewe Ukraine. Abategetsi muri Amerika babitangaje kuri uyu wa kabiri.

Ibiro vya prezida, White House, vyitezwe gutangaza iyo mfashanyo kuri uyu wa gatatu, aho Ukraine ihimbaza umusi mukuru wo kwikukira ku Burusiya. Iyo mfashanyo izokoreshwa mu kuronsa Ukraine ibirwanisho, kumenyereza abasirikare, hamwe n’ibindi bikorwa vya gisirikare.

Ayo mafaranga azova mu kigega c’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu gihe ayandi yahora asohorwa kw’itegeko rya prezida.

Ku musi wa gatanu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika bwaratangaje iyindi mfashanyo y’ibirwanisho kuri Ukraine bifise agaciro k’imiriyoni 775 z’amadolari. Yari agenewe kugura amamisile, n’ibirwanisho bizibira ibisasu vya muzinga.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG