Uko wahagera

Uburundi Bwemeye ko Bwarungitse Abasirikare muri DRC


Zimwe mu ntwazangabo z'Uburundi

Uburundi bwemeye ko bwarungitse abasirikare kurwanira mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya kongo kurwanya imigwi y’abarwanyi iriyo harimwo n’iyirwanya reta y’Uburundi. Inama nkuru y’umutekano yabishikirije, ihamagarira n’impunzi zigisigaye mu buhungiro gutahuka.

Inama nkuru y’umutekano mu Burundi ivuga ko ishima ingene umutekano wifashe mu gihugu cose. Inyuma y’inama idasanzwe y’itwanzangabo mu gisirikare, igipolisi n’iperereza hamwe na bamwe mu bajejwe intwaro n’indongozi z’igihugu bagize iyo nama nkuru, umukuru w’igihugu yarayirongoye yatangaje ko abanyagihugu basigaye barifatiye mu minwe kubungabunga umutekano biciye mu makomite y’umutekano ku mitumba.

Ni inama yabaye ku munsi wa mbere n’uwa kabiri w’iyi ndwi, ivyayivuyemwo bikamenyekana kuri uyu wa gatatu. Umunyamabanga ntayegayezwa w’iyo nama nkuru y’umutekano yatangaje ko ikibazo gikomeye gisigaye ku ruhande rw’igihugu ca Republika ya demokarasi ya Kongo.

Colonel Pierre Claver Nzisabira yamenyesheje ko ari co gituma, Uburundi bwarungitseyo abasirikare kurwanya imigwi yitwaje ibirwanisho. N’aho ata gitigiri c’abasirikare bagiyeyo yavuze, umuvugizi w’igisirikare ca Kongo kirwaniriza umwansi mu ntara ya Kivu y’epfo, Liyetona Marc Elongo yemeje mu ndwi iheze ko abasirikare b’Abarundi binjiye muri Kongo ari 600. Bashikiye mw’ikambi ya Luberizi.

Amwe mu mashirahamwe yigenga n’abanyepolitike mu Burundi bariyamirije ico gikorwa, bakavuga ko giteye ku biri n’ibwirizwa nshingiro. Yamara umukuru w’igihugu si ko yabibonye mu nama nkuru y’umutekano, nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wayo.

Imwe mu mihari irwanira mu buseruko bwa Kongo iriyamiriza uwo muzo w’abasirikare. Red-Tabara, umwe muri iyo mihari yitwaje ibirwanisho igwanya reta y’Uburundi watangaje ko wamaze kumenya ko abasirikare b’Uburundi bajanywe no gutuza abo barwanyi b’Abarundi. Mw’itangazo washize ahabona, Ijwi rya Amerika rifise, Red-Tabara uvuga ko witeguriye kurwana. Uwo muhari uvuga ko wari umaze igihe kinini urwana n’abandi basirikare b’Abarundi n’aho bitari bwavugigwe ku mugaragaro.

Umviriza ibindi muri iyo nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru

Uburundi Bwemeje ko Bufise Abasirikare muri Kongo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:39 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG