Uko wahagera

Uburundi Burahakana ko ata Basirikare Bufise muri Kongo


Ifoto ya zimwe mu ngabo z'Uburundi
Ifoto ya zimwe mu ngabo z'Uburundi

Umushikiranganji w'ukwivuna abansi mu Burundi arahakana amakuru avuga ko hari abasirikare b'Abarudi bari ku butaka bwa Kongo kurwanya imirwi irwanya ubutegetsi bw'Uburundi ifise ibirindiro muri Kongo.

Imwe mu miryango irimwo abavyeyi, bemeza yamara ko babuze ababo bari bagiye guhangana n'iyo mirwi y'Abarundi bitwaje ibirwanisho. Umutama yaganiriye n'Ijwi ry'Amerika, yemeje ko umuhungu wiwe yaguye mu bikorwa vyo gukurikira abarwanyi ba Red Tabara, umurwi w’abarwanyi ufatwa na Reta y’Uburundi nk’uwukora iterabwoba. Hari n'abasirikare batashimye ko umwidondoro wabo umenyekana, bemeza ko Uburundi bufise ingabo muri Kongo.

Ibivugwa n'uwo mutama yemeza ko yabuze umwana hamwe n’abasirikare bavuganye n'Ijwi ry'Amerika, bishimangirwa na Bernard Kadogo Tondo, umukuru w’amashirahamwe yigenga mu kiyaya ca Rusizi. Tondo, anuganuga ko hoba harakozwe amasezerano rwihishwa hagati y’ibisirikare vya Republika iharanira demokarasi ya Kongo FARDC na FDNB y’Uburundi.

Naho Uburundi buhakana ko ata ngabo zabwo ziri ku butaka bw’umubanyi wabwo wo mu burengero, bwemeza ko imyiteguro igeze kure kugira zizoje mu nteka za EAC ziherutse kwemezwa n’abakuru b’ibihugu vy’akarere I Nairobi muri Kenya.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Eloge-Willy Kaneza, umumenyeshamakuru w' Ijwi ry'Amerika

Amajwi ya Bamwe mu Bemeza ko Baburiye Ababo muri Kongo
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG