Uko wahagera

Perezida Ndayishimiye Avuga ko Abansi Bahiga Gutera Uburundi


Perezida Evariste Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye

Prezida Evariste Ndayishimiye yasavye abajejwe intwaro n’umutekano guteramira umutekano kuko ngo umwansi arahiga gutera Uburundi.

Hari mu nama yarakoranije, yarimwo abatwara intara zose zigize igihugu, abayobozi b’uturere mu gipolisi, igisirikare n’ubutungane. Ni inama yabereye ku murwa mukuru wa komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, ihana urubibe na Kongo, ku muhingano wo kuri uyu wa gatatu.

Abatwara intara, haba mu gisirikare n’igipolisi, bemereye umukuru w’igihugu ko bagiye kurikanura, kandi ko bagavye kugira bateshe n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara urwanya reta y’Uburundi umaze igihe uvuga ko ukora ibitero bitandukanye mu Burundi uvuye mu buseruko bwa Kongo.

Iyo nama yabaye ni iyo ku rwego rwo hejuru mu gisata c’amahoro n’umutekano nk’uko umukuru w’igihugu yabishimangiye.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Kigali, Pierre Claver Niyonkuru aratubwira iyi nkuru mu majwi

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:53 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG