Uko wahagera

IDHB: Uburundi Bwararungitse Abasirikare n'Imbonerakure muri Kongo


Bamwe mu basirikare b'Uburundi
Bamwe mu basirikare b'Uburundi

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, IDHB (Initiative pour les Droits de l'Homme au Burundi, ryemeza ko Reta y’Uburundi yarungitse inteko muri Republika ya demokrasi ya Kongo.

IDHB ryemeza ko Uburundi bwarungitse mu mpisho inteko amajana n’amajana n’imikangara y’imbonerakure mu gihugu kibanyi ca Republika ya demokrasi ya Kongo kuva mu mwaka w’i 2021 kurwanya umurwi urrwanya ubutegetsi, RED-Tabara.

Ishirahamwe IDHB rimenyesha ko umurwi ari wo uronderwa cane. Reta y’Uburundi ibona RED-Tabara nk’umurwi w’iterabwoba. Uburundi buri mu nteko zo mu karere ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko vyumvikanyeko mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. Izo nteko zijejwe kurwanya imirwi itari mike irwanya ubutegetsi yagirizwa ukwiyongera kw’ubwicanyi n’ubuhagarara mu buseruko bwa Congo, mu bigeramire umutekano w’ibihugu bibanyi.

Ishirahamwe IDHB rivuga ko abasirikare amajana n’amajana b’abarundi n’imbonerakure zirenga 1,000 bavurwa ko barungitswe muri Kongo kuva mu mwaka w’i 2021

Reta y’Uburundi iguma ihakana ko hari ibikorwa vya gisirikare ikora mu munyegero. Imenyesha ko ivyo ikora ibikora hisunzwe ibisabwa n’umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, EAC, umuryango w’ubumwe bwa Afrika canke ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ishirahamwe IDHB rimenyesha ko abasirikare b’Uburundi n’imbonerakure bamaze ikiringo kirenga imyaka cumi bahiga imirwi yitwaje ibirwanisho irwanya ubutegetsi ikorera muri Kongo.

Iryo shirahamwe rikorera mu mahanga ritangaza ko ryatororokanije amakuru yatanzwe n’abasirikare, incuti, abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi n’imigambwe itavuga rumwe na reta. Yamara ntiwashoboye kwemeza igitigiri nyakuri c’inteko zarungitswe muri Kongo canke ibikorwa vya gisirikare vyahakorewe. Naho ryamenyesheje ko umurwi w’abahinga bawo batororokanije amakuru avuga ko zinjiye muri teritwari ya Uvira incuro 17 hagati y’ukwezi kw’icenda kw’umwaka urangiye n’ukwa gatatu k’uyu mwaka.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG