Uko wahagera

Mali Yagenye Umushikiranganji wa Mbere w'Imfatakibanza


Colonel Abdoulaye Maiga
Colonel Abdoulaye Maiga

Mali yagenye umushikiranganji wa mbere w'imfatakibanza, Colonel Abdoulaye Maiga, kugira arangure amabanga yiwe mu kibanza c'uwari ahari muri iki gihe, Choguel Maiga ariko araruhuka inyuma y'amakuru avuga ko yari yagiye mu bitaro inyuma y'uko akitswe n'amagara.

Colonel Abdoulaye Maiga, muri iki gihe yari umuvugizi wa reta.
Mu ntango z’uku kwezi, ikinyamakururu co mu Bufaransa, Jeune Afrique, caratangaje ko Choguel Maiga yagize ibibazo vyo mu bwonko. Yamara umwe mu bahanuzi biwe yarabihakanye igihe itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters ryamuhamagara kugira agire ico abivugako.

Choguel Maiga ari mu bantu bagaragaye cane mu guhangana kwabaye hagati y’abategetsi ba Mali n’ab’igihugu bibanyi vyo muri Afrika yo mu burengero hamwe n’ibihugu vyo mu mahanga vyanebaguye ugukorana mu vya gisirikare hagati ya Reta ya Mali n’abacangero b’Abarusiya, hamwe n’uko abategetsi b’ico gihugu bagumye bigizayo amatora akatari gake.

Abdoulye Maiga yabaye arasubirira Choguel Maiga, nawe nyene yarakoresheje amajambo akarishe yo kwifatira mu gahanga Ubufransa bwahoze bukolonije igihugu ciwe.

Yabwiye Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka ko akwiye guheba inyifato yiwe n’ivyiyumviro vya gikoloni. Mali muri iki gihe iyobowe n’abategetsi b’abasirikare bashitse ku butegetsi muri kudeta yabaye mu mwaka w’i 2020. Abo bategetsi, baremeye gutunganya amatora mu mwaka w’i 2024.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG