Uko wahagera

Abasirikare ba Mali 42 Barishwe n'Abajihadiste


Ikarata ya Mali, Africa
Ikarata ya Mali, Africa

Abategetsi muri Mali bavuze kuri uyu wa gatatu ko abasirikare 42 ba Mali mu gitero c’indege yo mu bwoko bwa drone n’amasasu yagiherekeje, gikekwa kuba cakozwe n’abakekwa kuba abajihadiste.

Ni kimwe mu bitero bikabije gikozwe n’izo ntagondwa muri Mali.

Iki gitero cabaye ku musi w’Imana mu gisagara ca Tessit, mu ntara ihuriramwo imbibe zitatu.

Ku musi wa mbere, igisirikare cari cavuze ko hapfuye abasirikare 17 n’abasivile bane. Imiryango y’abishwe itashimye ko amazina yabo amenyekana, yavuze ko bamwe muri abo basivile bari mu bategetsi batowe.

Reta yavuze ko abakoze ico gitero ari umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu karere ka Sahara, ivuga ko abo barwanyi bari bafise drone hamwe na vya muzinga hamwe n’ibisasu biturika vyatezwe mu modokari.

Ibitero biheruka gusigamwo ubuzima abasirikare benshi muri Mali vyabereye muri iyo ntara nyene mu mpera z’umwaka wa 2019 hamwe n’intango ya 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG