Uko wahagera

Abasirikare 17 ba Mali Barishwe mu Gitero c'Abajihadiste


MALI-FRANCE-UNREST
MALI-FRANCE-UNREST

Igisirikare ca Mali cavuze ko abasirikare baco bashika kuri 17, abasivile bane hamwe n’abarwanyi batanu bishwe ku musi w’Imana mu gitero cabereye ku mupaka hagati ya Mali, Burkina Faso na Nijeri. Abasirikare 22 barakomeretse mu gihe abandi icenda baburiwe irengero.

Igisirikare ca Mali cegeka ico gitero ku bakora iterabwoba cise ko ari abajihadiste.

Umutegetsi wo mu gisirikare atashimye ko amazina yiwe amenyekana yavuze ko abasirikare bishwe bashobora kuba barenga abo batangajwe.

Abasivile babiri bishwe bari abategetsi batowe mu burongozi bw’ako karere, nkuko imiryango yabo yabivuze.

Haruhande y’ico gitero, inteko za Barkhane, z’abanyaburaya zagiye kugarukana amahoro muri Mali, ku musi w’Imana catangaje ko naco cishe umukuru hamwe n’abarwanyi b’abajihadiste mu karere ka Talataye, ku birometero 200 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Gao.

Inteko za Barkhane zisanzwe ziri mu myiteguro yo gukura ikambi yabo ya nyuma muri Mali, muri ico gisagara ca Gao, kugira bimurirwe muri Nijeri. Ni inyuma y’aho Mali isabiye Ubufaransa kuva mu gihugu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG