Uko wahagera

Mali Isaba Inteko z'Abanyamahanga Kuva mu Gihugu


Abasirikare ba Cote d'Ivoire bo mu nteko za ONU za Monusco ziri kubungabunga amahoro muri Mali.
Abasirikare ba Cote d'Ivoire bo mu nteko za ONU za Monusco ziri kubungabunga amahoro muri Mali.

Mali yategetse ikomanyi y’indege y’abikorera utwabo gutahukana abasirikare b’abanyamahanga, barimwo inteko za ONU zicumbitse mw’ikambi iri ku kibuga c’ingede i Bamako. Ibi ni inyuma y’aho reta ya Mali ihafatiye abasirikare 49 ba Cote d’Ivoire mu kwezi guheze.

Umukuru ajejwe igisata co mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu ku bibuga vy’indege, yavuze ko abasirikare b’abanyamahanga bose basabwe kuva muri iyo kambi hatarenze amasaha 72 uhereye kuri uyu wa kabiri.

Aya makuru akurikiye ifungwa ry’abasirikare 49 ba Cote d’Ivoire, kw’itariki ya 10 y’ukwezi kw’indwi, ku kibuga c’indege ku murwa mukuru Bamako wa Mali. Ibi vyaciye bitera icuka kibi muvya kidipolomasiya hagati ya Mali, Cote d’Ivoire na ONU.

Mali yavuze ko abo basirikare ari abacangero, ariko Cote d’Ivoire yo ivuga ko bari barungitswe guha abasirikare ba Minusma ibikoresho vya nkenerwa mu bikorwa vyabo vya misi yose.

Mali mu nyuma yaciye yirukana umuvugizi w’inteko za ONU muri Mali, Minusma, imwagiriza gushikiriza amakuru y’ibinyoma kuri abo basirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG