Uko wahagera

Abacangero b'Abarusiya n'Abasirikare ba Mali Bagirizwa Kwica Abasivile 300


Bamwe mu basirikare ba Mali
Bamwe mu basirikare ba Mali

Abasirikare ba Reta ya Mali n'abikekwa ko ari abacangero b'Abarusiya bagirizwa ko bagandaguye abagabo b'abasivile bagera ku 300 mu kiringo c'imisi itanu mu gikorwa ca gisirikare bagiriye mu gisagara ca Moura kiri hagati mu gihugu.

Ivyo bikubiye muri raporo yashizwe ahabona uyu musi kuwa kabiri, n'ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryo muri Amerika.

Ubwo bwicanyi bwabaye hagati y’itariki 27 n’iya 31 y’ukwezi kwa gatatu mu gisagara ca Moura kibamwo abantu bagera ku 10,000 mu ntara ya Mopti. Ibitero vy’intagondwa zikorera cane muri iyo ntara vyariyongeye, vyongera biratandukira ibihugu bibanyi vya Mali mu karere ka Sahel.

Reta zunze ubumwe za Amerika, Umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, Ubufaransa n’Ubudagi vyariyamirije ubwicanyi bwakozwe n’inteko za reta n’abikekwa ko ari abacangero b’abarusiya mu kwezi kwa gatatu. Basavye Reta ya Mali kurekurira ko haba itohoza ryigenga.

Igisirikare ca Mali catangaje ku musi wa gatandatu ko cishe abarwanyi b’abayislamu barenga 200 mu gikorwa ca gisirikare cabereye mu ntara ya Moura. Congeye kimenyesha ko kizotohoza ivyagirizo vy’ihohoterwa ry’agateka ka muntu.

Reta mfatakibanza ya Mali, yafashe ubutegetsi muri kudeta yabaye mu mwaka w’i 2020, iriko irwanya umugumuko w’intagondwa z’abayislamu ibifashijwenwo n’abacangero b’abarusiya. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG