Uko wahagera

Afurika Ihangayikishijwe n'Incanco z'Ibihara vy'Ingunge


Umwe mu banduye ibihara vy'ingunge muri kahise
Umwe mu banduye ibihara vy'ingunge muri kahise

Ikigo kijejwe kurwanya no kwirinda indwara muri Afrika, Africa Center for Disease Control, CDC, mu mpfunyapfunyo catangaje ko gushika ubu ata ncanco z'ukwikingira ikiza c'indwara y'ibihara vy'inguge zihari ku bantu umuliyaridi n'imiliyoni amajana atatu baba muri Afrika. Yamara ibiganiro biriko biraba ku vyerekeye ico kibazo.

Umuyobozi w’agateganyo w’ikigo CDC, muri Afrika, Ahmed Ogwell, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa kane ko ata birenga ngaho ashobora gushikiriza. Yamara yavuze ko bariko baraganira n’amashirahamwe 2 yo mu mahanga kuri ico kibazo.

Muri iki gihe ariko, hari urucanco rwo gukingira abantu ikiza c’indwara y’ibihara vy’inguge ruriko rurageragezwa muri Republika ya demokrasi ya Congo.
Urucanco ruriko rugeragezwa rwitwa, Jynneos rutangwa incuro zibiri, nirwo rubonwa ko ari rwo rwonyene muri iki gihe rushobora gufasha mu rugamba rwo kurwanya ikiza c’indwara y’ibihara vy’inguge.

Nta vyinshi ikigo CDC catangaje ku vyerekeye igeregezwa ry’urwo rucanco.
Abantu benshi nibo bahitanywe n’indwara y’ibihara vy’inguge muri Afrika kurusha mu bindi bice vyo kw’isi muri uyu mwaka.

Kuva mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka, ibihugu birenga 90 vyaratangaje ibitigiri vy’abantu barenga 31,00 banduye umugera w’indwara y’ibihara vy’inguge.
Abantu batari musi y’i 2,947 nibo basanganywe umugera w’indwara y’ibihara vy’inguge mu bihugu 11 vyo muri Afrika muri uyu mwaka.

Kuba ata ncanco zo kwirinda indwara y’ibihara vy’inguge zihari muri iki gihe muri Afrika, vyibutsa ibibazo ibihugu uko ari 54 vyo muri afrika vyagize mu kiringo c’amezi atari make mu gihe c’ikiza ca Covid-19 igihe ibihugu bitunze mu bindi bice vyo kw’isi vyariko vyigungirako incanco z’ukwirinda ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG