Uko wahagera

Amatora ya Kenya Ntiyitabiriwe Nkuko Vyahora


Bamwe mu bagize umurwi utunganya amatora muri Kenya baharura ivyavuye mu matora
Bamwe mu bagize umurwi utunganya amatora muri Kenya baharura ivyavuye mu matora

Abanya Kenya bararindiriye ibiva mu matora y’umukuru w’igihugu atitabiriwe cane nk’uko vyahora. Abatoye bose bangana n'ibice 64 kw'ijana. Kugeza ubu ibiro bijejwe gutegura amatora muri Kenya, ntibiratangaza amajwi ya mbere y'ivyavuye muri ayo matora. Gusa ibiharuro bitangazwa n'ibitangazamakuru muri Kenya vyerekana ko abakandida Raila Odinga na William Ruto bagenda basimburana ku mwanya w'imbere mu biharuro vy'agateganyo bimaze kuja ahabona.

Amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi wa kabiri ashobora kuba aya nyuma Raila Odinga yahoze atavuga rumwe n’ubutegetsi ahiganyemwo mu gihe ibaye incuro yiwe igira gatanu. Ni mu gihe kandi muri iki gihe ashigikiwe n’uwo bari bamaze igihe bahanganye, Prezida Uhuru Kenyatta, ubu we agira ave ku butegetsi.

Amategeko agenga amatora avuga ko ibitigiri vya nyuma bitegekanywa gusohorwa mu kiringo c’indwi imwe inyuma y’amatora, ariko ivyavuye mu matora bishobora kumenyekana kuri uno musi wa gatatu.

Irindi tora rishobora gukorwa mu gihe ata mukandida n’umwe akwije amajwi 50 kw’ijana. Abo bakandida bompi Odinga na Ruto bavuze ko bazokwemera ibivuye mu matora mu gihe abantu bazoba batoye mu mwidegemvyo kandi ata gukumirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG