Uko wahagera

Abanyekenya Baba mu Rwanda Basaba ko Amatora Atokurikirwa n'Imvururu


Abanyakenya barenga 1700 baba mu Rwanda bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’abatwara uturere mu gihugu c’abo. Basaba ko muri aya matora hatoba imvururu canke abiyamiriza amatora nk’uko vyagenze mu mwaka w’2007 n’i 2017.

Mu bakandika babiri bakomeye muri Kenya, William Ruto, icegera c’umukuru w’igihuru ahari na Raila Odinga atavuga rumwe na reta amaze imyaka irenga 20 arwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Komisiyo y’amatora yatangarije Ijwi rya Amerika ko ku biro vy’itora bibiri biri i Kigali mu Rwanda ata ngorane zahibonekeje ndetse ko ata muntu n’umwe yibuze kuri liste y’itora.

Kenya n’u Rwanda ni ibihugu bifitaniye ubucuti bukomeye bufatiye ku butunzi kuko ibidandazwa vyinshi biza mu Rwanda bica ku kicuko ca Mombasa muri Kenya. Ambasaderi wa Kenya mu Rwanda Philip Githiora yemeje ko amatora y’uyu mwaka adashobora gusubiza inyuma ubwo bucuti.

Mu mwaka w’2017, ni ho umukuru w’igihugu ahari, Uhuru Kenyatta, yatorerwa manda ya kabiri. Ico gihe, uwo bahiganwa yanse amatora, umugwi w’igihugu ujejwe amatora ubona kwemeza ko ayo matora asubirwamwo.

Abanyakenya baba mu Rwanda barenga 1700. Bizeye ko ubu atawuja kwanka amatora kuko umwe mubakomeye batavuga rumwe na reta ari nawe yanse amatora mu myaka 5 iheze, ubu ari mu bakandika bahabwa amahirwe yo gutorwa nk’umukuru w’igihugu.

Raila Odinga, yabwiye abamenyeshamakuru i Nairobi ko abanywanyi biwe bizeye itsinzi kandi ko n’aho batotsinda biteguriye kwakira ibiva muri ayo matora.
Abakandika bane bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ni David Mwaure wo mu mugambwe Agano, Raila Odinga w’ihuriro Azimio la Umoja, William Ruto wa United Democratic Alliance na George Wajackoyah w’umugambwe Roots Party.

Abanyakenya bafise imyaka yo gutora muri Kenya barenga imiliyoni 22 nk’uko umugwi ujejwe amatora uvyerekana. Ku munsi wa gatanu uheze, ibihugu 15 harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika bibicishije mu buserukizi bw’ivyo bihugu muri Kenya vyashize ahabona urwandiko bisaba ko hoba amatora meza, atekanye, azira imvururu za politike kuko kubwavyo, Kenya ari igihugu gifise ubutunzi buhagaze neza ndetse ko imvururu zibayeyo zotandukira akarere kose.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:29 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG