Uko wahagera

Antony Blinken Arabandanya Urugendo Rwiwe muri Afurika


Antony Blinken na Mugenzi we wa Afurika y'Epfo
Antony Blinken na Mugenzi we wa Afurika y'Epfo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken yabonanye na prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa mu gitondo c'uno musi ku wa kabiri imbere y'uko aja muri Republika ya demokrasi ya Congo mu rugendo arimwo mu bihugu 3 vyo muri Afrika.

Abo bategetsi 2 babonanye mu biganiro vyamaze igihe gitoyi umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu, Naledi Pandor yagizemwo uruhara mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri.

Ivyo biganiro ntivyahishije ivyo ibihugu vyabo bidahuriyeko ku bijanye n’ibitero Uburusiya buriko burakora muri Ukraine. Afrika y’epfo yagumye ata ruhande na rumwe yagamiye mu bibera muri Ukraine. Yaranse kunebagura Uburusiya ku bitero buriko burakora muri Ukraine.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu wa Amerika, Anthony Blinken yateye iteka umusi wahariwe abakenyezi muri Afrika y’epfo. Uwo musi uhimbaza igihe abapfasoni bo mu bwoko bwose bagira imyiyerekano mu mwaka w’i 1956 ku murwa mukuru wa Afrika sy’epfo, Pretoria, yo kwiyamiriza intwaro karyanishamiryango ya Apartheid.

Blinken yitavye ibirori vyo guhimbaza iyo taliki uno musi ku wa kabiri ku murwa mukuru, Pretoria. Mu nyuma yaho yaciye afata indege imujana muri Republika ya demokrasi ya Congo, aho azoba ari mu rugendo rw’imisi 3 arimwo muri Afrika ruzomujana kandi mu Rwanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG