Uko wahagera

Antony Blinken Yageze muri Afurika


Antony Blinken akigera muri Afurika
Antony Blinken akigera muri Afurika

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Bkinken, yashitse uno munsi muri Afurika y’Epfo, igihugu ca mbere atanguriyemwo urugendo rwiwe muri Afurika. Ku rutonde rw’ibindi bihugu Blinken azogendera, harimwo u Rwanda na Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Ejo ku wa mbere vyitezwe ko Blinken avuga ijambo nyamukuru kuri politike Amerika ifitiye ibihugu vyo muri Afrika biri mu karere ko munsi ya Sahara. Iryo jambo azovugira muri Afurika y’epfo rizoshimikira kandi ku vy’ihindagurika ry’ibihe, guhanahana ibidandazwa, ikibazo c’ikena ry’ibifungurwa, n’amagara y’abantu.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bavuze ko muri Republika ya Demokarasi ya Kongo, Blinken n’abategetsi ba Kongo bazorabira hamwe ingene icuka kibi kiri hagati ya Kongo n’u Rwanda cohava. Kongo imaze iminsi yagiriza u Rwanda ko rufasha umurwi witwaje ibiranisho wa M23. U Rwanda rwamirira kure ivyo vyagiriji.

Mu Rwanda naho, Blinken azogaruka ku vy’ifungwa rya Paul Rusesabagina, afise uruhusha rwo kuba ku butaka bw’Amerika. Reta y’Amerika isanga Rusesabagina atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’u Rwanda apfunzwe binyuranye n’amategeko.

Urugendo rwa Blinken muri Afurika ruje rukurikira urw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergey Lavrov, nawe aheruka gukorera muri Afurika.

Lavrov muri urwo rugendo, yasiguye ico yise “Ukuri gukwiye” kw’intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine, yongera anebagura ibihano ibihugu vyo mu burengero vyafatiye Uburusiya, avuga ko ivyo bihano ari vyo biriko bituma ibiciro vy’igitoro biduga muri Afurika. Amerika nayo ivuga ahubwo ko Uburusiya ari bwo bwatumye ivyo biciro biduga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG