Uko wahagera

Antony Blinken Arabandanya Urugendo Rwiwe muri Afurika


 Anthony Blinken muri Afurika y'Efpo
Anthony Blinken muri Afurika y'Efpo

Aho Uburusiya buhagaze ku ntambara y’Uburusiya na Ukraine n’ingaruka iriko iragira ku bihugu vya Afrika ni bimwe mu vyitezwe kuganirwako mu mubonano hagati y’umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu na mugenzi wiwe wa Afrika y’Epfo.

Umushikiranganji wa Amerika Antony Blinken ari muri Afrika y’Epfo m’urugendo rw’ibihugu bitatu harimwo Kongo n’u Rwanda. Bamwe babona urwo rugendo nk’amahiganwa hagati y’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi muri Afrika ku bijanye n’aho bahagaze ku ntambara iri muri Ukraine.

Afrika y’epfo kimwe n’ibihugu bitari bike muri Afrika vyafashe intumbero yo kutagira aho bahengamiye kugira birinde ingaruka bogirana n’igihugu c’Uburusiya.

Inyuma y’inama na mugenzi we Naledi Pandor, Blinken yiteguriye gushikiriza imigabo n’imigambi ya reta ya Biden mu bihugu biri hepfo y’ubugaragwa bwa Sahara. Iryo jambo aza kurishikiriza ari kuri kaminuza y’igisagara ca Pretoria.

Mw’ijambo yashikirije aho batangura icese imibonano bimirije kugirana, umushikiranganji Pandor yasavye abategetsi bose kw’isi gukoresha inzira y’ibiganiro hamwe n’ukwubahana mu gutorera umuti intambara zitandukanye.

Blinken yavuze ko imigenderanire hagati ya Amerika na Afrika y’epfo mu bijanye n’amagara y’abantu hamwe n’ubudandaji, bigiye gutuma baganira bahuza naho hariho ibindi badahurizako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG